HARIBONEKEZA IKENA RY'AMAZUTU MU GISAGARA CA BUJUMBURA.

1.

Mugihe amazutu amaze imisi abura cane mu gisagara ca Bujumbura, mugitondo co kuri uyu wakane igenekerezo rya22 Mukakaro 2021,aho twaciye mubice bimwe bimwe vyaho badandariza ayo mazutu muri zone Kamenge Komine Ntahangwa mugisagara ca Bujumbura nko kuri station BUPP iri muri iyo zone nyene ya kamenge amazutu twasanze ariko aratangwa uwujejwe gukurikirana ibikorwa kuri iyo station yatumenyesheje ko amazutu atigeze abura kandi bayatanga kurugero rushimishije,iruhande yaho gato kuri station Interpetrol twasanze hugaye atamukozi ahari biboneka ko yaba essence canke amazutu haheze imisi atabiharangwa.

Muri iyo zone nyene ya kamenge aho bita kuri Gard du Nord  kuri station Nyabagere twasanze atamazutu ahari ngo niyo abonetse ishirahamwe Mémento rica riyagura yose kuko ngo iryo shirahamwe rikebera amazutu menshi ivyo navyo bigaca bituma abenegihugu bakenera amazutu kuri iyo station batayaronka,kuri station iri uruhande y'ibanke interbank yo ntibashimye kutubwira uko vyifashe.

Umwe mubenegihugu ari mubakenera amazutu cane yatubwiye ko urugero ayomazutu yahora abonekako rwagabanutse cane kuma station agasaba ababijejwe gukurikirana ico kibazo.