HATANZWE INYIGISHO Z'UBURYO BUSHASHA BWOKUBIKA IMFUNGURWA .

HATANZWE INYIGISHO Z'UBURYO BUSHASHA BWOKUBIKA IMFUNGURWA .

Mu mugambi wo gufungurira abana ku mashure ufashwe mu mugongo n'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe imfungurwa kw'isi PAM ryaratanze ibikoresho vy'ubuhinga bwa none buzoreshwa  n'imishwarara y'izuba .

Kubahawe ivyo bikoresho bahawe n'inyigisho zokubafasha muri uwo mugambi bakaba bangana 322 bo ku mashure agize ntara 4 zose z'u Burundi. 

Hategekanijwe ko abagera ku 310 bo ku mashure yiyongera kuyo basanzwe bafasha muri uwo mugambi bazoba baronkejwe izo nyigisho n'ubwo buhinga imbere y'uko uyu mwaka wa 2021 urangira.

Ubwo buhinga bukaba buzoba ubwo kumenya ubwoko bw'ibifungurwa buhari mbere n'uguharura ibifungurwa  vyasohotse mu bubiko. 

Nkuko bishikirizwa na Severine Giroud aserukiye PAM mu Burundi aramenyesha kandi ko  Uburundi bwatowe muba mbere n'iryo shirahamwe mu gutanguza ubwo buhinga.