IBESHUZWA RY'AMAKURU AVUGA KO KUBUTAKA BW' UBURUNDI HOBA HARI UMUGWI W'INKOZI Z'IKIBI WO GUTERA URWANDA

IBESHUZWA RY'AMAKURU AVUGA KO KUBUTAKA BW' UBURUNDI HOBA HARI UMUGWI W'INKOZI Z'IKIBI WO GUTERA URWANDA

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 25 Rusama 2021,urwego rwo kwivuna abansi mu Burundi rwabeshuje amakuru yavuga ko ku butaka bw'Uburundi  hoba hari umugwi w'inkozi zibibi zifise umugambi mubi ku gihugu c'Urwanda.

Urwo rwego rwo kwivuna  abansi mu Burundi rwabeshuje kandi ko hoba umurwi w'inkozi zikibi wavuye i Burundi uja gutera mu Rwanda.

Iryo tangazo rikaba ryasohowe inyuma yaho haciye amakuru menshi ku ngurukanabumenyi avuga ko hoba hari umurwi w'inkozi zikibi wavuye mu Burundi waguye mu mutego w'igisirikare c'Urwanda mw'ijoro ryo kuwa 23 Rusama 2021 uca usubira mu Burundi .