IBIBUGA IMIRWI IZOKWITABIRA IHIGANWA RIKURU RYO MU BURUNDI PRIMUS LEAGUE VYAMENYEKANYE

IBIBUGA IMIRWI IZOKWITABIRA IHIGANWA RIKURU RYO MU BURUNDI PRIMUS LEAGUE VYAMENYEKANYE

Inyuma yaho umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi (FFB) Nyeniteka Reverien ndikuriyo amenyesheje mw'ihiganwa rya Primus league rigiye gutangura kumagenekerezo  ya 13-14-15 Myandagaro 2021 hagiye ahabona ibibuga iryo higanwa rizoberako.

Ivyo bibuga navyo nibi bikurikira hamwe n'imirwi izokorera kuri ivyo bibuga:

Stade Intwari mu gisagara ca Bujumbura : Buja city,RukinzoF.C, BS Dynamic F.C, VITAL'O F.C,LES CROCOS F.C RUMONGE.

Stade URUNANI mu Cibitoke : BUMAMURU F.C

Stade Gatwaro Kayanza : TOP JUNIOR F.C, KAYANZA UNITED 

Stade Ingoma mu ntara ya Gitega: MUSONGATI F.C, FLAMBEAU DU CENTRE, ROYAL F.C Muramvya.

Stade Umuco mu ntara ya Muyinga: OLYMPIC STAR F.C , NEW OIL ATLETIC 

Stade Urukundo mu ntara ya Ngozi: MESSAGER NGOZI F.C

Stade Nkurunziza Peace Pax Complexe Mu ntara ya Makamba: Aigle Noir F.C 

Stade Urumuri mu ntara ya RUYIGI: FLAMBEAU DE L'EST 

Icibonekeje nuko ikibuga nka Stade Vyizigiro co Mu ntara ya Rumonge ntikizokwakira inkino abakunzi b' umurwi wa LES CROCOS F.C Bari biteze KO bazoraba umurwi wo muntara ya Rumonge kuri ico kibuga .