IBIRO VY'INTUMWA IDASANZWE Y'ISHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU ONU MU BURUNDI  VYUGAWE.

IBIRO VY'INTUMWA IDASANZWE Y'ISHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU ONU MU BURUNDI  VYUGAWE.

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 31 Rusama 2021, ibiro vy'intumwa idasanzwe y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi vyarugawe nk'uko vyari vyasabwe n'Uburundi  .

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw'imigenderanire yavuze ko kwugara ivyo biro ko bidasigura ko imigenderanire hagati y'Uburundi n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU ihagaze.


Isidore Ntirampeba yamenyesheje kandi ko gufashanya bigiye kubandanya nkuko vyamye mu bindi bisata vy'iterambere. 

Yamenyesheje kandi ko umwitwarariko wa ONU ku Burundi kubijanye n'amahoro n'umutekano uhavuye kuko ubu amahoro n'umutekano bihari mu Burundi. 

Ibiro vy'iyo ntumwa vyari vyashizweho na ONU nk'ijisho ryayo inyuma y'ibihe igihugu caciyemwo mu mwaka wa 2015.