IBIRORI VY'UMUSI MUKURU WAHARIWE UMWANA W'UMUNYAFURIKA

IBIRORI VY'UMUSI MUKURU WAHARIWE UMWANA W'UMUNYAFURIKA

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Ruhenshi 2021, uburundi bwifadikanije n'amakungu muguhimbaza umusi mukuru w'umwana w'umunyafurika wama uhimbazwa uko umwaka utashe.

Hano muburundi uwo musi mukuru wahimbarijwe muri zone Maramvya komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura bikaba vyatewe iteka na nyabahwa Imelde Sabushimike umushikiranganji w'agateka kazina muntu, imibano n'iterambere ridakumira .

Mwijambo ryiwe akaba yashimiye abo bose bitanga batiziganya kugira agateka k'umwana w'umurundi ndetse n'umunyafurika kubahirizwe yongera amenyesha ko Reta y'uburundi itazohengeshanya gutunganya imigambi kuneza y'abana babarundi kuko aribwo Burundi bw'ejo.