Ibitero vy'ama grenade mu gisagara ca Bujumbura, umukuru w'igihugu arahoza imiryango yabuze.

Ibitero vy'ama grenade mu gisagara ca Bujumbura, umukuru w'igihugu arahoza imiryango yabuze.

Muri iri joro ryakeye isaha imwe z'ijoro harategewe grenade mu bibanza bitatu bitandukanye bihuriramwo abantu benshi mu gisagara ca Bujumbura. Aho ni hagati mu gisagara ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, ku gituro c'imodoka kw'isoko ya Cotebu muri zone Ngagara hamwe no kugituro kiri mu Buyenzi aho bita Permanence.

Ivyo bitera bikaba vyahitanye abantu babiri harimwo umwe mu baziteye hamwe n'abandi benshi bakomeretse nk'uko bishikirizwa n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu.

Umukuru w'igihugu abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yiyamirije ivyaraye bibaye avuga ati  "Ndababajwe n'abacipfuza gusubiza inyuma Uburundi babicishije mw'iterabwoba. Ariko bamenye ko ata kibanza bafise. Ndahojeje imiryango yabuze abayo kubera ubwo bubegito. Ndipfurije abakomeretse gukira. Ndasavye Abarundi bose bagume bafatanye mu nda, ubumwe ni bwo ntsinzi yacu."