ICEGERA C' UWURONGOYE IBANKI Y'ISI YOSE MU KARERE AGIYE KUZOGENDERA UBURUNDI.

ICEGERA C' UWURONGOYE IBANKI Y'ISI YOSE MU KARERE AGIYE KUZOGENDERA UBURUNDI.

Ku musi w'ejo igenekerezo rya 23 Ruheshi 2021,icegera c'uwuserukira ibanki y'isi mu karere ka Afrika y'ubuseruko no mu bumanuko azogendera Uburundi.   

Hafez Ghanem akaba azoganira na Nyenicubahiro Umukuru w'igihugu  c'Uburundi Evariste Ndayishimiye ku vyerekeye ibanki y'isi yose n'ibindi biraba igihugu . Bazorabira hamwe ibisata bitandukanye iyo banki igiye gushigikira mu nzira y'iterambere ry'igihugu .

Muri urwo  rugendo kazoba ari nakaryo ko kuganira n'aberwa n'ibisata vy'ubutunzi n'iterambere mu gihugu cacu c'i Burundi.