IGENWA RY AMAFARANGA AZOTANGWA MU GUPIMA UMUGERA WA CORONA.

IGENWA RY AMAFARANGA AZOTANGWA MU GUPIMA UMUGERA WA CORONA.

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 31 Rusama 2021,icegera c'umukuru w'umugwi w'igihugu ujejwe kugwanya ikiza ca Corona aho bari mu nama y'uwo mugwi yasiguye ko abazokwinjira bose bazopimwa nk'uko bahora babikora ku kibuga  c'indege.

Amadorare y'abanyamerika 30 ku banyamahanga hamwe n'amafaranga y'amarundi  ibihumbi 15 ku barundi.

Ivyo bikazoba mugihe ingenzi zizoba zinjiye i Burundi iciye ku rubibe  Uburundi buhana  n'igihugu ca Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Kongo rwo mu Gatumba.
Urwo rubibe rukaba rwugururwa unno musi genekerezo rya 1 Ruheshi 2021.

Thaddée Ndikumana yamenyesheje ko ibikorwa nk'ivyo bizokorerwa kandi n'i Kobero hamwe ni Mugina mu minsi iza yongeye arasaba abanyagihugu gukwirikiza ingingo zafashwe mu kwikingira ico kiza .