Igice c'ibarabara ryitiriwe Avenue de la Plage cugawe vy'agateganyo

Igice c'ibarabara ryitiriwe Avenue de la Plage cugawe vy'agateganyo

Iyo ngingo yo kwugara igice kiva ku kivuko cavBujumbura gushika ku kibuga c'inkino Tempête yafashwe n'umukuru w'igisagara ca Bujumbura aherekejwe n'umuyobozi mukuru w'ikigo kijejwe ivyo amabarabara mu Burundi mu rugendo bagize rwo kwirabira uko iryo barabara ririko rirononwa n'iduga ry'amazi y'ikiyaga Tanganyika

Kubw'uyo muyobozi mukuru Régis Mpawenayo, iyo ngingo yafashwe vyifuta kugira abantu bakingirwe kuko imiduga ikomeje guca muri iryo barabara vyotera amasanganya menshi bitewe nuko amazi  y'ikiyaga aguma aduga kandi iryo barabara riri hafi cane bivuzeko kuri ino saha ryoba ryuzuye amazi ivyotuma ribomoka vyoroshe.