IHIMBAZWA RY'UMUSI MUKURU W'AKAZI N'ABAKOZI MU GISAGARA CA BUJUMBURA

IHIMBAZWA RY'UMUSI MUKURU W'AKAZI N'ABAKOZI MU GISAGARA CA BUJUMBURA

Kuri uyu wagatandatu igenekerezo rya 1 Rusama 2021, abenegihugu bo mugisagara ca Bujumbura baramutse bifatanya n'abandi barundi bose eka n'amakungu muguhimbaza umusi mpuzamakungu w'akazi n'abakozi.

Uwo musi mukuru wahimbajwe mu burundi bwose ku civugo :"DUKURE AMABOKO MUMPUZU TUGIRE URUNANI MUKUGWANA URUGAMBA RWO GUTUZA UBUKENE" .

Ivyo birori bikaba vyatewe iteka n'umushikiranji wa mbere wa Reta y'uburundi Alain Guillaume Bunyoni hamwe n'abandi banyecubahiro batandukanye tutibagiye abakozi ba reta eka n'abikorera utwabo.