IJAMBO RYOGUHOZA IMIRYANGO YARAYE IBUZE ABABO BAGUYE MU MUTEGO WABAGIZI BA NABI

IJAMBO RYOGUHOZA IMIRYANGO YARAYE IBUZE ABABO BAGUYE MU MUTEGO WABAGIZI BA NABI

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 Rusama 2021,umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yazindutse ashikiriza ijambo ryoguhoza imiryango yaraye ihekuwe n'abagizi ba nabi aho haraye hishwe abantu 8 muri irijoro rikeye ryo kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 9Rusama 2021.

Abo bagizi ba nabi bakaba bategereye kw'ibarabara rya Muramvya bari bitwaje ibigwanisho bicira umuriro.

Kw'ijambo umukuru  w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yavuze ati :"Turababajwe n'abambuzi baraye basubiye guhekura Uburundi .
Ibigeragezo ntibizobura kubaho ariko aragowe uwo bizovako .Abagizi ba nabi bose bategerezwa gutuzwa .Turaremesheje imiryango yabuze."