IKIRANGAMISI C'IGICE CA KANE GISHIRA ICANYUMA MU GIKOMBE UMUKURU W'IGIHUGU CASOHOTSE

IKIRANGAMISI C'IGICE CA KANE GISHIRA ICANYUMA MU GIKOMBE UMUKURU W'IGIHUGU CASOHOTSE

Kuri uyu wambere igenekerezo rya 26 ndamukiza 2021 ,niho hamenyekana ingene imirwi izohura mugice ca kane gishira icanyuma mw'ihiganwa ry'igikombe c'itiriwe umukuru w'Igihugu .

Uko imirwi izohura ni uku gukurikira:

Vital'o F,C Vs Royal F.C

Musongati F.C Vs  Olympique Star F.C 

Bumamuru F.C  Vs  Messager Ngozi F.C

Garage Express F.C  Vs  Flambeau du Centre F.C

Umurwi ujejwe gutegura amahiganwa mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu burundi rikamenyesha ko imbere yuko bakina igice ca kabiri gishira ica nyuma bazomanza gukora ico bita mururimi rw'igifaransa "Tirage au sol" kuri uyu wakabiri igenekerezo rya 27 ndamukiza igihe c'isaha zitandatu z'umutaga kugira haze hamenyekane uwuzotangura kwakira uwundi mu rukino rwa mbere(Phase aller).