IKIRINGO C'UKWEZI KUMWE NICO ABA ISLAM BAHAWE CO GUSHIRAHO INZEGO NSHASHA Z' UMURYANGO W'ABA ISLAM MU BURUNDI COMIBU

IKIRINGO C'UKWEZI KUMWE NICO ABA ISLAM BAHAWE CO GUSHIRAHO INZEGO NSHASHA Z' UMURYANGO W'ABA ISLAM MU BURUNDI COMIBU

Kuri  uyu wa kane   igenekerezo rya 10 Ruheshi 2021, ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu ,iterambere rusangi n'umutekano bwahaye inama nkuru yaba "Cheikh" mu Burundi ikiringo c'ukwezi kumwe kuba yarangije gushiraho  inzego nshasha z'umuryango w'abaislam mu Burundi COMIBU.

Uwo mubonano umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yahaye urwo rwego baraganiye no kubijanye n'umu " Cheikh" wo ku Buterere ku musigiti Madina ari mu minwe y'igipolisi yagirizwa gutuka umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu yongeye anamuhamagarira gusaba ikigongwe ku vyo  yavuze ku muhamagaro w'aba islam bita "Adhana" mbere bakanavuga ko uwo mu Cheikh ivyo yavuze yabivuze ku gatwe kiwe atawamutumye.

Mu nama yaheruka Gervais  Ndirakobuca yaheruka kugirisha abarongoye amadini yari yabasavye ko batosubira  guhungabanya abantu biciye  mu bikorwa vyabo nk'abaririmba cane mu masaha arenze y'ijoro ,abavuza ivyuma bituma abantu badatekanirwa harimwo n'umuhamagaro w'abaislam uhamagara abaza gusenga (Adhana).

Uwurongoye inama nkuru yaba Cheikh mu  Burundi Iddy Kabano Radjabu avuga ko ata tegeko ribuza guhamagara kuja gusenga kw'abaislam rirajaho.