IMBWA ZISARA ZASUBIYE KWIBONEKEZA MU MAKOMINE AMWE AMWE Y'INTARA YA GITEGA

IMBWA ZISARA ZASUBIYE KWIBONEKEZA MU MAKOMINE AMWE AMWE Y'INTARA YA GITEGA

Umwana umwe yapfuye abandi bane barakomereka  bariwe n'imbwa zisara usanga ziyerera.

Aho ni k'umutumba Muyange muri komine Buraza mu ntara ya Gitega, abo bakomeretse bakaba bariko bavurirwa kubitaro vy'i Kibuye biri muri komine Bukirasazi muntara ya Gitega.

Aho muri komine Bukirasazi nyene k'umutumba Bunyuka imbwa zisara zaheruka kurya abantu babiri bakaba bari bakivurirwa kuri ivyo bitaro vya Kibuye nyene.

Mugipolisi bafadikanije nabajejwe intwaro bamenyesha ko bariko barondera izo mbwa zisara kugira ngo bazice abazitunze nabo bagasabwa kuzicandagisha kandi bakongera bakazirinda kuyerera.