IMIFUKO IRENGA 300 Y'ISIMA N'AMAFARANGA ANGANA IMIRIYONI 3 NIYO YASHIKIRIJWE INTARA YA NGOZI.

IMIFUKO IRENGA 300 Y'ISIMA N'AMAFARANGA ANGANA IMIRIYONI 3 NIYO YASHIKIRIJWE INTARA YA NGOZI.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 29Rusama 2021,buramatari w'intara ya Ngozi Epipode Baranyikwa yakiriye imifuko irenga 300 n'amafaranga imiriyoni 3 intara arongoye yabigawe n'amashirahamwe atandukanye .

Iyo mfashanyo yatanzwe mu kugira ibikorwa vyo kwubaka ikibuga c'inkino "Agasaka  ka Inarunyonga "birangire. 

Buramatari Epipode Baranyikwa arashima utwigoro twakozwe n'amashirahamwe hamwe n'abantu batandukanye kugira uyu mwaka ico kibuga c'inkino catanguye kwubakwa mu mwaka 2014 cinjirwe.

Arongera aramenyesha ko isango bari bihaye ryo ku wa 1 Mukakaro uno mwaka ko bitagishobotse  kumvo zuko ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi FFB ryasavye gusubiramwo uruhande rumwe gw'ico kibuga gikwize ibisabwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru FIFA.