INAMA NKENGUZAMATEKA Y'UBURUNDI IRIKO IGIRUSHA IBIGANIRO VYAYIHUJE N'ABARONGOYE IBINYAMAKURU KUGIRA HAMENYEKANE UKURI KUVYABAYE MU BURUNDI 1972.

1.

Nkuko ingingo ya 289 y'ibwirizwa nshingiro iha uburenganzira inama nkenguzamateka y'uburundi imyaka 5 ngo ihanure leta, ni muri iyo ntumbero urwo rwego ruriko rugirisha ibiganiro kugira hamenyekane ukuri kuvyabaye mu 72.
Emmanuel Sinzohagera, umukuru w'inama nkenguzamateka yabimenyesheje kuri uyu wa mbere igenerekerezo rya 07 Ruheshi 2021, mu nama yakoranije urwego arongoye hamwe n'abatwara ibinyamakuru mu ntara ya Gitega. Umukuru w'inama nkenguzamateka yavuze ko hambavu y'ubwicanyi bwabaye muri uwo mwaka wa 1972 hamwe n'ubundi bwakurikiye bazogira ico babuvuzeko.
Emmanuel Sinzohagera aravuga ko atabwoko bwica ahubwo hica ubutegetsi bubi.Inama nkenguzamateka rero ngo ntiriko ikora igikorwa ca CVR kuko urwerwo rwose rufise ibikorwa vyarwo.