INGORANE ZIRI HAGATI Y ISHIRAHAMWE RIJEJWE KUNGURUZA ABANTU MU MA BUS AKORERA KURI GITURO C'AMABUS CA KANYOSHA .

1 / 1

1.

Inyuma y'inama yagirishijwe n' umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu,iterambere rusangi n'umutekano Gevrais Ntirakobuca   yagiranye   nabajejwe ishirahamwe 

ryokunguruza abantu mu ma bus biribonekezako bamwe bamwe mu bunguruza abantu mu ma bus akorera kuri parikingi kanyosha iri inyuma y'ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura kobidogera uburongozi bw'iyo shirahamwe ryabo .

Tukabamenyeshako abo bamwe muribo kobidoga bavugako amahera baterera batazi iyo aja mu gihe abandi bavuga ko bashima ibikogwa vy'ishirahamwe mu kwemezako amahera baterera abafasha bagize ingorane harimwo no kubavuza.
 
Bakongera bagasaba ko bagenzi babo bafunzwe koborekugwa kugira izo mpande zose kwari zibiri zibandanye zivugana ivy'ishirahamwe ryabo.​