Inkino : IBIHANO BIKOMEYE VYAFASHWE KUMIRWI IMWE IMWE N'ABAKINYI BATARI BAKE MU BURUNDI.

Inkino : IBIHANO BIKOMEYE VYAFASHWE KUMIRWI IMWE IMWE N'ABAKINYI BATARI BAKE MU BURUNDI.

Inyuma yaho hibonekeje gutanga ibiturire mumpera z'ihiganwa rya Primus Ligue 2020-2021, Igisata c'amategeko mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu burundi FFB kuri uyu wagatatu igenekerezo rya 2 Ruheshi 2021  carashize ahabona ingingo zafashwe n'ibihano vyahawe abagirizwa gutanga no kwakira ibiturire ndetse nabagize uruhara muri ayo makosa: 

Urukino rwahuje Athletico Academy na Les Elephants gwabayemwo agahaze kubwivyo ivyaruvuyemwo bibaye ubusa. 

Urukino rwahuje Les Elephants na Kayanza United narwonyene rwabayemwo ibiturire ivyaruvuyemwo vyabaye impfagusa Kayanza United yaciye yakwa amanota 3 yarose mururwo rukino. 

Nzeyimana Ally Alias Rumburi wo mu Kayanza yahanywe kudahonyora kukibuga na kimwe co mu Burundi ubuzima bwiwe bwose no kudakora igikogwa na kimwe muri Football hamwe no gutanga amande ya 1.000.000 ( Umuriyoni w'amarundi)

Abamenyereza nka: 
Ntakarutimana Dieudonné ( Les Elephants) 
Bankuwiha Emmanuel Mayele ( Athletico Academy) 
Manirakiza Amuri ( Buhumuza)
Bahawe ibihano co kumara imyaka itanu badakora igikogwa na kimwe kijanye na Football mukiringo c'Imyaka 5 

Abakinyi ba Les Elephants nka: 
Ndayikeza Pacifique 
Dusabe David Bienfait 
Minani Isaac Zidane 
Ndayisenga Japhet 
Girukwishaka Alfred ( Athletico Academy)
NDAYISENGA Eliphaz ( Kayanza United)

Bahawe igihano co kumara umwaka w'inkino atagikorwa na Kimwe kijanye na Football bakoze

Igitangaje nuko umirwi imwe imwe yagiye uvyifatamwo neza niyo yaranginje amahiganwa iri mubibanza vya mbere.