INKINO ZOSE ZA BASKET MU BURUNDI ZIRAHAGARITSWE

INKINO ZOSE ZA BASKET MU BURUNDI ZIRAHAGARITSWE

Mw'ikete ryateweko umukono n'umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe urwaruka,inkino n'imicokama ryandikiye umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano ryo kuri uyu wagatatu igenekerezo rya 19 Rusama 2021 rimenyesha ko ibikorwa vyose vy'ishirahamwe rya basket FEBABU mu Burundi bihagaritswe kugeza igihe muri iryo shirahamwe hazoboneka intumbero nshasha.

Aho ni inyuma yaho ubwo ubushikiranganji burungikiye uryo shirahamwe umurwi wari ujejwe gutatura amatati ariko bikaba ataco vyavuyemwo.

Ubwo bushikiranganji bujejwe inkino mu burundi bukabandanya busaba ubushikiranganji bujejwe umutekano kuraba kw'iyo ngingo yakwirikijwe.