INTERERANO Y'IMIRIYONI IJANA Y'AMARUNDI NIYO YATANZWE

INTERERANO Y'IMIRIYONI IJANA Y'AMARUNDI NIYO YATANZWE

Kuri uyu wakabiri igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2021 , kw'izina ry'abenegihugu bo mu ntara ya Muyinga, buramatari Barutwanayo Jean Claude yashimiye cane umugwizatunga UWIRAGIYE François yatanze interero y'imiriyoni ijana yo kwubaka inyubakwa y'intara buramatari azokoreramwo.

Buramatari Barutwanayo Jean Claude akaba yaboneyeho akaryo ko gutera intege abandi bavukantara ya Muyinga gukora ibishoboka vyose intara yabo igatera ija imbere.