INTWARA RUMURI ZITEGEREZWA KUBANDANYA ZIKORA IBIKORWA VY'ITERAMBERE RUSANGI.

Ibikorwa vyo gutera ibiti kunkengera z'uruzi Gasenyi mu ntumbero yo gukingira ikirimba c'umukuru w'igihugu c'uburundi "Kwa Ntare RUSHATSI"hamwe no kwakira abashitsi bari bavuye mu ntara ya Bururi nivyo vyazinduye abahurikiye mw'ishirahamwe ry'intwararumuri .

1 / 1

1.

Mugatondo ko kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2021 abahurikiye mw'ishirahamwe ry'intwararumuri bazindutse ku kirimba Kwa NTARE RUSHATSI mubikorwa vy'iterambere rusangi ,aho bakaba bateye ibiti ku nkengera z'uruzi gasenyi muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura. Ivyo bikorwa bikaba vyakozwe mu ntumbero yo kwakira abashitsi bari bagendeye intwara rumuri bakaba baje bava mu ntara ya Bururi aho babahurikiye mu murwi  GASHINYIRA bakaba baje bazanye n'umurwi w'umupira w'amaguru kuko ,ivyo bikorwa birangiye haciye hakurira urukino rw' umupira w'amaguru rwahuje Intwara rumuri nabo mu mu murwi GASHINYIRA ,kukibuga ca Centre Jeune Kamenge Kiri Mu gisagara ca Bujumbura.