Iradiyo Bonesha FM yemerewe gusubira gukora

Iradiyo Bonesha FM yemerewe gusubira gukora
Iradiyo Bonesha FM yemerewe gusubira gukora

Ikigo kigenzura amakuru mu burundi CNC gihejeje guha uburenganzira bwo gusubira gukorera ku mugaragaro iradiyo Bonesha FM.


Ivyo bikaba bishikirijwe na Nestor Bankumukunzi arongoye ico kigo mu kiganiro ahejeje guha abanditsi n'abamenyeshamakuru.

Ingingo yakiranywe igishika na Léon Masengo asanzwe arongoye iyo Radiyo.
Twobamenyesha ko iyo Radiyo yari yahagaritse muri 2017 bagirizwa kuba baragize ico baterera mu gushaka gutembagaza ubutegetsi muri 2015.