ISANGO NTABANDUKA RYO KUGURA UMWIMBU W'IBIGORI KUBARIMYI.

ISANGO NTABANDUKA RYO KUGURA UMWIMBU W'IBIGORI KUBARIMYI.

Nkuko vyashikirijwe n'umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw'uburimyi, ubworozi n'ibidukikije Emmanuel ndorimana mukiganiro yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2021, isango ni ntabanduka kubijanye n'isekeza ryo kugura intete z'ibigori. Iryo sekeza rizotangura mu makomine yose y'igihugu c'Uburundi kugiciro camafaranga amajana atandatu na mirongo umunani y'amarundi (680fbu).

Iryo sekeza rikaba rizomara amezi abiri gusa, ni naco gituma asaba abarimyi ko bojana kugurisha umwimbu w'ibigori baronse kuntete zumye neza kandi atagatosi na kamwe zifise kugira umwimbu ntuzohave wononekarira mu bubiko .

Yongeye aramenyesha ko ibigega vyo kwakira uwo mwimbu mu makomine bihari , ibikoresho vyose birahari nk'iminzane minini minini biriko birashika mu makomine nayo amahera yokugura uwo mwimbu aza yaramaze gushikanwa kuma konte y'amakomine yose y'uburundi.