ISHENGERO "GRACE EVANGELISTIC TEMPLE OF BURUNDI " RYAHAGARITSWE VY'IMFATAKIBANZA.

1 / 1

1.

Itegeko ry'Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu ryahagaritse  Ibikorwa vy'ishengero "Grace Evangelistic Temple of Burundi" vy'imfatakibanza mu Burundi bwose. 

Petero Nkurikiye Umuvugizi w'ubwo bushikiranganji amenyesha ko iryo shengero ryahagaritswe bivuye kukajagari kamaze iminsi kibonekeza mu banywanyi biryo shengero biciyemwo imirwi ibiri, hakaba mbere hari hageze aho iyo mugihe co gusenga batondana ubuhiri bw'ukurwana.