UGUSHIRA K'UMUGARAGARO IBIKORWA VYA LABEL ITEKA MUSIC.

1.

Mu ntumbero yo gutanguza ibikorwa vy'abo ku mugaragaro , kuri uyu wa kabiri  igenekerezo  rya 20 Mukakaro 2021 niho Label ITEKA MUSIC  yashize ibikorwa vyabo ku mugaragaro ndetse icigirako igiranira n'amasezerano n'umuririmvyi mu shasha  banagenda  banahanye amasezerano y'imwaka itanu (5) .

Umuyobozi wa Label ITEKA MUSIC Aimé-Gratien yaramenyesheje ko bari mu ntumbero yo kurondera urwaruka rufise impano nk'izo ndetse no kuzoza barabishinga mu gihe basanzemo urwaruka rubishoboye .

Umuyobozi yarongeye kandi avuga ko urwaruka iyo rufise impano rukaja hamwe (solidalité) mbere rukanahuriza hamwe n'urukundo ko vyose bishoboka kuko urukundo ari vyose.

Yaramenyesheje kandi ko  Label ITEKA MUSIC igiye kuzokorera hagati mu gihugu nko mu ntara zimwe zimwe bazoba batarashikamwo mbere ko banafise indoto yo gushikana urwaruka ahandi hantu batarishikana ndetse no mumakungu .  

Umuririmvyi mu shasha kw'izina ryiwe rya NDAYIKENGURUKIYE Dieudonné A.K.A D-One yarashimiye cane kubamwiyumviyeko ndetse atibagiye n'abamenyeshamakuru batandukanye bagize ico bakora kugira Label ITEKA MUSIC ishobore ku mwizera .