ISHIRAHAMWE FFB RYONGEYE KWIBUTSA IMIGWI YATANGUYE KWITEGURIRA IHIGANWA RISHASHA RY'UMWAKA W'INKINO WA 2021-2022.

1.

Igisata kijejwe gutunganya inkino mw'ishirahamwe FFB congeye kwibutsa imigwi   yatanguye kwitegurira ihiganwa rishasha ry'umwaka w'inkino wa 2021-2022.

Iryo shirahamwe ryamenyesheje ko igihe co kwandikisha urutonde  rw'abakinyi imigwi izokoresha ko catanguye kuva kuwa 1 Ruheshi kikazorangira kuwa 19 Myandagaro 2021.

Comité exécutif yarakoze  inama kw'igenekerezo rya 6 Mukakaro yagiye ipfunditse ko ihiganwa rishasha rya Primus Ligue rizotangura kuwa 13 Myandagaro 2021.