ISHIRAHAMWE NGOMA EVENT NGO RYARAHEMUKIYE INTARA YA GITEGA.

utunenge twibonekeje inyuma yitorwa ry'umwigeme mwiza aciye ubwenge w'akaranga ngo ryavuye kuntumbero mbi yabari bateguye ihiganwa MISS NGOMA.Ivyo vyashikirijwe na Venant MANIRAMBONA buramatari w'intara ya Gitega mu birori vyo kwipfurizanya umwaka mushasha, aho yaciye ashikiriza ibahasha y'amafaranga aguze inka intara yari yemereye kuzoha umwigeme azoba uwambere.

1 / 1

1.

 kuri uyu wa 5 Ruhuhuma 2021mu birori vyo kwipfurizanya umwaka mushasha mu ntara ya Gitega ,Buramatari wiyo ntara yararonse akanya ko gukeza umwigeme mwiza w'akaranga kandi aciye ubwenge yatowe mw'ihiganwa MISS NGOMA  . Ku bwiwe ngo intara igikorana na Ingoma Events yari aziko ari abantu batomoye none ngo barahemukiye intara.
Venant Manirambona yavuze ko mu vyo bari bemeye guha uwabaye uwambere harimwo gutanga imodoka kuri uwo mwigeme . Akavuga ko bibabaje cane. 

Buramatari w'intara ya Gitega yaboneyeho kumenyesha ko gushika ubu, uwo murwi watunganije iryo higanwa ko utarigera utanga icegeranyo c'ibikorwa  vyawo.

Muri iryo jambo ryiwe Venant MANIRAMBONA buramatari w'intara ya Gitega yaracishijemwo ko bibaye ngombwa abavukantara bazokwiyungunganya kugira ngo baronse iyo modoka uwo mwigeme yabaye uwa mbere muri iryo higanwa rya MissNgoma2020 . 

Ku ruhande rw'intara ya Gitega, inka yari yemerewe uwo mwigeme yabaye uwa mbere yaciye ayironswa n'uwo aramutswa intara ,aho yaciye amuha ibahasha irimwo amafaranga aguze iyo nka.

Anne Niyera yabaye uwambere muri MissNgoma akaba yaheruka gusohora urwandiko ruvuga ko we n'ivyababa vyiwe bavavanuye n'abatunganije iryo higanwa.