ISHIRAHAMWE RY'ABAMENYEREZA B'UMUPIRA W'AMAGURU RIRAMUTSWA INDONGOZI NSHASHA.

1 / 1

1.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 Ruheshi 2021, abamenyereza B'UMUPIRA w'amaguru bagize inama ya bose idasanzwe mu bigo vyo k'umugumya.

Intumbero nyamukuru yiyo nama kwari ugushiraho inzego nshasha aho ni mugihe izahahora zari zirakwiye ikiringo. 

Muntumbero yo gusubira inzego zahora zirongoye iryo shirahamwe hatowe Alain Olivier Niyungeko  mu kibanza c'uwurongoye iryo shirahamwe akaba asubiriye Joslin Bipfubusa .Alexis Harimenshi yatowe mu kibanza c'icegera naho Nsabimana Pascal atorwa mu kibanza c'umunyamabigega mu gihe Fundi Ntamagiro yatowe nk'umunyabanga mukuru w'iryo shirahamwe.

Inzego nshasha zikibi ziyemeje gukorera neza iryo shirahamwe.