Itangazo ku bavyeyi bipfuza kwinjiza abana babo muri Academie ya Aigle Noir

Itangazo ku bavyeyi bipfuza kwinjiza abana babo muri Academie ya Aigle Noir

Academie Aigle Noir igiye kuramura imikangara 18 izokungururiza mu mugwi wa TIGRE NOIR FC, THE WARRIORS, uburongozi bw'umurwi wa AIGLE NOIR CS buramenyesha ko bugiye kwinjiza urwaruka rufise imyaka hagati ya 13-14-15 muri Académie AIGLE NOIR.

Ibisabwa bikaba ari ibi bikurikira,:

1. Kuba ufise imyaka hagati ya 13 na 15
2. Kuba ufise igikuriro
3. Kuba uri umunyeshure
4. Kwemera kuja kuba no kwiga mu Ruyigi
5. Kuba ufise indero
6. Kuba ubisabiwe n'abavyeyi.
7. Kwemera kugaburirwa no kubana n'abandi ( internat privé du club).
8. Kwemera gusenga mugabo umwe wese mw'idini ryiwe.
9. Kudatunga terefone ngendanwa,
10. Kuba ukina umupira w'amaguru naho vyoba bibayabaye.

Haratunganijwe irobanurwa i Bujumbura ( ouest), Gitega ( centre-est), Ngozi ( Nord) na Makamba ( sud)

Abandikishijwe n'abavyeyi nibo bazokwakirwa mw'irobanurwa. Ibikenewe mu kwiyandikisha ni:
1. Amazina y'umwana
2. Imyaka 
3. Umwaka yigamwo
4. Uburebure
5. Akarere/intara.