ITANGAZO RYA RETA Y'UBURUNDI KUBIJANYE N'IBITERO VY'AMA GRENADE VYATEWE I BUJUMBURA

ITANGAZO RYA RETA Y'UBURUNDI KUBIJANYE N'IBITERO VY'AMA GRENADE VYATEWE I BUJUMBURA

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 26 Rusama 2021, Reta y'Uburundi yarasohoye itangazo itera ivyatsi ibitero vy'iterabwoba vyatewe bigahitana ubuzima bw'abantu.

Muri iryo tangazo, Reta y'Uburundi irahoza ikongera ikiyemeza kuba hafi imiryango y'abaraye babuze ababo mu bitero vy'iterabwoba vyabaye mw'ijoro ry'uwa 25 Rusama 2021 i Bujumbura. Reta ikaba kandi yiyemeje kuba hafi abakomerekeye muri ubwo bugizi bwa nabi.

Umunyamabanga mukuru wa Reta akaba n'umuvugizi w'ayo Prosper Ntahorwamiye amenyesha ko ivyo bitero  bisa nivyateguwe kandi ko vyabaye mu ntumbero  yo gucafuza ishusho nziza y'Uburundi mu bijanye n'amahoro hamwe n'umutekano .

Yongeye aramenyesha ko ivyo bitero vyabaye mugihe igihugu c'Uburundi cakiriye inama igira 51 y'abahinga ba ONU ijejwe amahoro n'umutekano mu karere ka Afrika yo hagati aho muri iyo nama  Uburundi bwatowe kurongora ibiro vy'urwo rwego mpuzamakungu.

Reta y'Uburundi iramenyesha  kandi ko amatohoza akibandanya akorwa azokwerekana neza isano riri hagati y'ibitero biherutse kuba mu  misi iheze mu ntara za Mwaro na Muramvya.

Muri iryo tangazo Reta y'Uburundi imenyesha kandi ko abateguye ivyo bitero babikora co kimwe  nababishigikiye bazogwanywa bimwe bikomeye kandi abafashwe bacirwe imanza.

Reta y'Uburundi ibandanya isaba abenegihugu kuguma bafatanye mu nda bakomeze ibikorwa vy'iterambere.