Jean Marie Ndayishimiye abenshi bita John K-ay ninde?

Ku myaka 28 yamavuka ,Jean Ndayishimiye abenshi bita John K-ay ,amaze gutera intambwe mubijanye na Film .

Jean Marie Ndayishimiye abenshi bita John K-ay ninde?
1 / 1

1. Jean Marie Ndayishimiye abenshi bita John K-ay ninde?

Kw'igenekerezo rya 3 Nyakanga 1992 ,mu ntara ya Ruyigi komine Butanganzwa k'umusozi wa Rugongo niho Elize Gahungu na Stephanie Hakizimana bibaruka umwana w'umuhungu bamwita Jean Marie Ndayishimiye azwi kw'izina rya John K-ay akaba ari umwana agira gatatu mu bana 9 aribo:

 

Nestor Gahungu

Denis Gahungu

John K-ay

Bosco Nkunzimana

Claudine Nimbona

Alice ntakarutimana

Evelyn irankunda

Happiness nshimirimana

Cedrick irishura .

 

Mu 1993 bitewe n'umutekano muke wari mu gihugu ,John K-ay n'umuryango we bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya ,mu mwaka wa 2007 niho baheza bakerekeza muri Australiya .

 

John K-ay aba muri Australia Sydney, akaba atarubaka nyuma y'imyaka 2 gusa n'ukuvuga 2009 ,ageze muri ico gihugu ,John K-ay yaciye atanguye gukina amareresi kuko ariyo ndoto yarafise kuva akiri muri Tanzaniya.

 

John K-ay yatanguye aririmba Na team Yitwa “Tao BOIZ” yarimwo Atm Jeff Na Jamal Giraneza bose akaba ari abarundi .ariko bikaba bitakunze ko aguma muri uyo mwuga wo kuririmba ahubwo yabandanirije muri Film.

 

Kuva ico gihe John K-ay amaze gukina film zikuirikira :

Last years 2010

Nothing is impossible 2011

Daddy’s fault 2012-2013

Silent sufferers (( Cours metrage) 2015

Restoring hope ( Cours metrage) 2015

Irreversible Choices 2016

Cop’s enemy 2017 - 2020.

Mknono Mtupu - 2018

ROCE’s pain 2020.

 

Mubijanye n'inyigisho John K-ay muri kaminuza yize  ibijanye no gukina amareresi hamwe no gutegura igambi n'uburongozi (acting ball Business management.)

 

None ,John K-ay yoba amaze gukinana n'abakinyi b'amareresi rurangiranwa?

Egome aramaze gukinana n'abakinyi bazwi cane kw'isi kandi babigize umwuga nka :

 

Van vicker

Wema sepetu

Aunty Ezekiel

Gabrielle Bartlett

Jean Pierre Yerma

Stanley Msungu

Suzan mutesi

Duma

John K-ay akaba afise indoto yo gufasha abakinyi bamareresi bo mu burundi kandi ngo aripfuza kubona umunsi umwe Film zitwara idarapo k'umugabane w'afrika kandi zigakorwa n'abarundi zigasohoka ari nziza z'akarorero.