BURAMATARI W'INTARA YA KAYANZA ARAGABISHA ABADANDAZA BADUZA IBICIRO KUBIDANDAZWA.

BURAMATARI W'INTARA YA KAYANZA ARAGABISHA ABADANDAZA BADUZA IBICIRO KUBIDANDAZWA.

Buramatari w'intara ya Kayanza Rémy Cishahayo kuri uyu wakabiri igenekerezo rya 20 mukakaro 2021 yarakoresheje inama abadandaza b'isima,isukari n'ibinyobwa vya Brarudi.

Intumbero yiyo nama kwari kubagabisha abasaba ko batobandanya baduza ibiciro vyivyo bidandanzwa      aho yaciye  ababwira ko uwuzofatwa adugije ibiciro kwazohanishwa ihadabu iri hagati y'amafaranga y'amarundi angana n'ibihumbi mirongo itanu(50.000fbu) n'ibihumbi amajana atanu(500.000fbu).

Bamwe mubadandaza basigura ko ivyo bidandanzwa haraho bikena canke bigahera bigasabwa ko baja kubirondera muzindi ntara mukurindira ko babironswa Kandi uburyo bwokubishikana aho bakorera buca buba bwinshi bugatuma baduza ivyo biciro .

Buramatari w'iyo ntara yasavye abo badandaza ko bokwihangana bakadandaza ivyo bahawe biheze bakamenyesha abajejwe intwaro nabo bakabafashavgusaba ibindi .