Kayanza : UBUSERUKIZI BW'UMUGAMBWE BWAGENDEYE ABASIRWA N'UMUGUMYABANGA YITAVYE IMANA

Kayanza : UBUSERUKIZI BW'UMUGAMBWE BWAGENDEYE ABASIRWA N'UMUGUMYABANGA YITAVYE IMANA

Kuri uyu  wa Kane igenekerezo rya13 Rusama2021,Abagumyabanga bari mubuserukizi  bw'umugambwe CNDD-FDD muri Commune Gatara mu mazone atatu ( Ngoro,Gatara na Mbirizi ) abakuru b'imitumba hamwe n'ubuserukizi bw'umugambwe ku mitumba bagiwe imbere na Jean Bosco NDIKUMWENAYO umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD muri Commune Gatara bagendeye umuryango usirwa n'umuhisi NYABENDA PETERO yahora arongoye umugambwe CNDD-FDD ku mutumba wa Shinya ,Zone Ngoro aheruka kw'itaba Imana yahitanwe n'urwa karago kw'igenekerezo rya 05 Rusama2021.

Bagiye bitwaje ibiseke vy'ibifungurwa hamwe n'ibahasha y'amafaranga vyavuye mu bagumyabanga bo muri Commune Gatara.

Umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD muri Commune Gatara Yashimiye Abagumyabanga, abakenyererarugamba, abahumure, imbonerakure n'ibiswi vy'inkona basidukanye niyonka bakaja kugarukira ku muryango wabuze kanatsinda bari basangiye umuryango wa poritike w'abagumyabanga ba CNDD FDD.

Yabandanije kandi yihanganisha umuryango wabuze kandi yibukije ko nyakwigendera Nyabenda Pierre yari umugumyabanga w'intwari, ati umugambwe CNDD-FDD uzobaguma hafi.

Nayo  umukenyererarugamba KAZOBAGERAYO Charlotte umusirwa wa nyakwigendera Petero NYABENDA, yashimiye ubuserukizi bw'umugambwe CNDD-FDD muri Commune hamwe n'isinzi ry'abagumyabanga ukuntu baje kumugarukirako muri ibi bihe bitoroshe arimwo, anagirako abasaba ko iyo ngendo boyibandanya haba mubihe bitoroshe canke vy'umunezero kuko ari ikimenyetso cerekana urukundo Abagumyabanga bakundana