Kirundo: Buramatari Albert HATUNGIMANA mu birori vya Miss Kirundo. 

Kirundo: Buramatari Albert HATUNGIMANA mu birori vya Miss Kirundo. 
Kirundo: Buramatari Albert HATUNGIMANA mu birori vya Miss Kirundo. 

Mu gihe kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2021 abakirisu b'isi yose bahimbaza umusi mukuru wa pasika , Buramatari w'intara ya Kirundo Albert HATUNGIMANA yaruguruye ihoteri INEZA iri k'umutumba wa Rupfunda mu gisagara ca Kirundo, iyo hoteri ikaba yubatswe n'umurwizatunga Longin Nizigiyimana   avuka muri iyo ntara  nyene.

Avuye aho Buramatari w'intara ya Kirundo Albert HATUNGIMANA yaciye aja kwifatanya n'abenegihugu bo muri iyo ntara mu birori vyanyuma vyo gutora Miss Kirundo.

Abigeme batowe ni :
Ingabire Éliane yatowe kuba umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge (Miss Kirundo)
Irakoze Florence nawe yatowe kuba icegera ciwe (Dauphine)
Kabatesi Jodelle yatowe kuba umwigeme yakunzwe cane (Miss Populaire).

Twobamenyesha kwivyo birori vyari vyitabwe n'imvukira z'intara ya Kirundo nabakunzi biyo ntara.