Kirundo: HAGIYE KUBAKWA IKIBUGA CA KIJAMBE C'UMUPIRA W'AMAGURU

Kirundo: HAGIYE KUBAKWA IKIBUGA CA KIJAMBE C'UMUPIRA W'AMAGURU

Aherekejwe n'imvukira z'intara ya Kirundo zirangurira imirimo itandukanye muzindi ntara , umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi akaba n'umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD Reveriyano Ndikuriyo kuri uyu wagatandatu igenekerezo rya 8 Rusama2021 , yagendeye intara ya Kirundo muri komine Busoni mu ntumbero yo kwugurura ibikorwa  vyokwubaka umushinge w'ikibuga ca kijambere.

Mw'ijambo ryiwe umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru Reveriyano Ndikuriyo yamenyesheje ko bokora banyarutsa kugira ngo cuzure nigonga akaba yabamenyesheje ko nicuzura azoca abazanira umusezero kugira ngo abakinyi bazokinire ahantu hameze neza.

Yarangije asaba abenegihugu bo muri iyo ntara ko bikura amaboko mumpuzu bagakora kugira ngo umunwa wese uronke icufungura umufuko nawe uronke amafaranga agiramwo nkuko umukuru w'igihugu abisaba.