KUGIRA UBUMWE, GUTERERA MW'ITERAMBEREBRY'INTARA NIVYO ABA ISLAM BO MURUMONGE BASABWA.

KUGIRA UBUMWE, GUTERERA MW'ITERAMBEREBRY'INTARA NIVYO ABA ISLAM BO MURUMONGE BASABWA.

Muntumbero yo guhimbaza umusi mukuru w'intama , Buramatari w'intara ya Rumonge Consolateur Nitunga arikumwe na musitanteri wa komine Rumonge,uwurongoye igipolisi muntara n'abandi barongoye ibisata bitandukanye vyo muri iyo ntara bifadikanije n'abari mumuryango waba Islam muri iyo ntara.

Mw'ijambo ryiwe Buramatari Consolateur Nitunga yahamagariye abo muri uyo muryango kugira unumwe ,bakanaterera mw'iterambere ry'intara ya Rumonge,Cheikh Bijeje arongoye umuryango waba Islam mu ntara ya Rumonge akaba amenyesha ko bazobandanya baterera mu bisata bitandukanye haba mugisata c'indero,c'ubutunzi hamwe n'amagara y'abantu.

Muri ayo masengesho uwo arongoye intara ya Rumonge yagabiwe inyana y'inka n'abari mumuryango waba Islam muntara ya Rumonge.
Abanyarumonge muri rusangi bagasabwa ko bohimbaza uwo musi birinda amasenganya hamwe n'ikiza ca koronaviris.