KUVUZA INDIRIMBO Z'ABARIRIMVYI MURI TANZANIYA BIGIYE KURIHWA

KUVUZA INDIRIMBO Z'ABARIRIMVYI MURI TANZANIYA BIGIYE KURIHWA

Mu rugendo yarimwo mu ntara ya Mwanza aragiranira ikiganiro  n'urwaruka rwo muri iyo ntara, Samia Suluhu Hassan umukuru w'igihugu ca Tanzaniya  yavuze ko abaririmvyi bavyuka mw'ijoro abandi bagisinziriye gufata ikaramu  n'urupapuro bakarara barandika ibizonezera abantu bwaca bakaja muri studio hakiyongera nuburyo bwinshi kugira vidéo ikorwe.

Yemeye ko umuziki hamwe n'utugenegene muri rusangi biri mu biteza imbere i gihugu aho yaciye afatira kuri DIAMOND PLATANUMZ ingene agenda akwiragiza ururimi kavukire c'igiswahili mu mahanga yose mbere bakazana ishusho nziza ku gihugu ca  Tanzaniya.

Yaheraheje avuga ko kuva mukwa 12 kw'uyu mwaka nyene ko abaririmvyi bazohora barihwa n'ama radiyo n'amatereviziyo kuko barakoresha ibikorwa vyabo.