Kwa Buyengero: ABANA BATEGEREZWA KUBANDANYA BIGA IBINTU BITANDUKANYE MU BURUHUKO

Kwa Buyengero: ABANA BATEGEREZWA KUBANDANYA BIGA IBINTU BITANDUKANYE MU BURUHUKO

Mugihe abana benshi iyp bari mu buruhuko usanga baca baja mungeso mbi zitandukanye, paruwasi ya Kamenge mu gisagara ca Bujumbura aho benshi bita kwa BUYENGERO yaratunganije ibikorwa vyegeranya abana bo muri iyo micungararo ivyo bise "École des Enfants"mu mugambi wayo "ETE DES ENFANTS 2021,TWESE TURI ABAVUKANYI".

Ivyo bikorwa vyatanguye kuri uyu wambere igenekerezo rya12 Mukakaro 2021,bikaba vyitabwe n'abana bafise imyaka iri hagati ya munani na cumi n'itandatu bakaba bari hagati y'amajana ane n'amajana atanu .

Bamwe muri abo Bana twavuganye Mugitondo co kuri uyu wagatatu igenekerezo rya14 Mukakaro 2021 bavuga ko bahigira ibitari bike harimwo indimi hamwe n'inkino zitandukanye bakaba biteze kuzohungukira vyinshi muri iki kiruhuko.