KWIGIRA HAMWE IBIJANYE N UKO AMATORA YOTUNGANYWA MU BIHUGU BIGIZE UMURYANGO WA AFRIKA YO HAGATI( CEEAC)

KWIGIRA HAMWE IBIJANYE N UKO AMATORA YOTUNGANYWA MU BIHUGU BIGIZE UMURYANGO WA AFRIKA YO HAGATI( CEEAC)

Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 23 Rusama 2021, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu yamenyesheje aho imyiteguro igeze mu gutegura inama y'ibihugu bigize umuryango  wa Afrika yo hagati( CEEAC) .

Mu bizirwa muri iyo nama igira 51y'umurwi w'amahoro w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU izoba kuva itariki 25 rusama gushika 28 zuku kwezi nyene hano i Bujumbura harimwo ibijanye n'uko amatora atunganywa mu bihugu bigize umuryango wa Afrika yo hagati, kwihweza ibijanye  n'umutekano wo mu mazi na cane cane ku bihugu bikora kw'ihabari "Atlantique" hamwe n'ibibazo vy'umutekano  mu karere ka Afrika yo hagati.

Isidore Ntirampeba yamenyesheje ko abajejwe ibisata vy'ubuhinga muri ivyo bihugu bamaze gushika mu Burundi kiretse abo muri Cameroun bitezwe kuri uyu wa mbere.