LEO MESSI YEMEYE KUGABANYA UMUSHAHARA WIWE KUGIRA ABANDANYE AKINIRA UMURWI WA F.C BARCELONA.

1.

Leo Messi ariko arashimwa n'abatari bake m'ukwemera gusinya ayandi masezerano Muri Fc Barcelona Abanje kugabanya umushahara k'uburyo budasanzwe

Bivugwa yuko bamaze kumvikana, aho agiye kongereza amasezerano azotuma ayikinira gushika muri 2026 igihe azoba afise imyaka 39

Leon Messi  yarangije amasezerano yiwe kw'igenekerezo rya 01 Mukakaro 2021 , ariko birasa nk'aho atawundi mugwi kuri Iyi si yiteguye gukinira atari Fc Barcelona

Uwo musatirizi yamuka mu gihugu c'Argentine yemeye  kugabanya umushahara wiwe gushika kubice mirongo itanu kw'ijana vyayo yahora ahembwa Kubera yizera yuko uwo mugwi uri Mu bibazo vy'ubutunzi bikomeye kandi kugira yemererwe gusubira gukinira Fc Barcelona .

Amasezerano yarahejeje kuyasinya.  Mu bihe biri imbere niho Fc Barcelona izobitangaza k'uburyo bwemewe Nk'uko Ibimenyesha makuru vyose bikomeye I buraya bibivuga.