LETA Y UBURUNDI IGIYE GUSANURA AMABARABARA YOSE YONONEKAYE

LETA Y UBURUNDI IGIYE GUSANURA AMABARABARA YOSE YONONEKAYE

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2021,umushikiranganji w'inyubako ,ibikoresho vya leta no kugwiza uburaro mu gihe yariko ashikiriza  ivyo ubushikiranganji arongoye bwaranguye mu gice ca gatatu c'umwaka wa 2020-2021 yavuzeko leta y'Uburundi  igiye  gusanura amabarabara nka yose yononekaye kuva mu mwaka uza.

Umushikiranganji Déogratias Nsanganiyumwami  yongeye  aramenyesha ko leta yitwararitse cane ikibazo c'amabarabara aho yongereje uburyo muri ico gisata bungana ni miriyaridi 28 Reta izokoresha mu mwaka uza wa 2021-2022.

Aho ni mugihe ubwo bushikiranganji bwahora buhabwa miriyaridi 8 zonyene.