Mairie : ABAGUMYABANGA BASABWA GUKORERA HAMWE.

Mairie : ABAGUMYABANGA BASABWA GUKORERA HAMWE.

Kuri uyu wagatandatu igenekerezo rya 8 rusama 2021 ,abagumyabanga bo mu gisagara ca Bujumbura bazindutse bahurira kuri station TOP ONE aho bakoraniye hamwe baja ahariko hubakwa ingoro y'umugambwe CNDD-FDD mu gisagara ca Bujumbura.

Umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD mu gisagara ca Bujumbura akaba yashimiye abagumyabanga baje bava mumakomine atatu agize ico gisagara ukuntu basidukanye niyonka mukwiyubakira ingoro y'umugambwe bazoza bahuriramwo.

Yabandanije abasaba gukorera hamwe ,bagakundana kuko niho umugambwe CNDD-FDD uzotera imbere mu gisagara ca bujumbura.

Kabaye akaryo ko kwakira abagumyabanga bashasha binjiye mumugambwe CNDD-FDD , twobamenyesha ko mubinjiye abenshi aje bava muri komine Mukaza .