Makamba: ABATOWE N'INAMA MPANUZWAJAMBO YA KOMINE BURAMATARI ARABIYAMIRIZA

Makamba: ABATOWE N'INAMA MPANUZWAJAMBO YA KOMINE BURAMATARI ARABIYAMIRIZA

Nkuko tubisanga mw'ikete ryateweko umukono kuri uyu wambere igenekerezo rya 24 Rusama 2021 na  Buramatari w'intara ya Makamba nyakubahwa Françoise NGOZIRAZANA yandikira  uwurongoye inama mpanuzwajambo ya komine Makamba ayimenyeshako abatanzwe kugira ngo baje mu mabanga batabikwiye.

Abo bantu ni batatu:

Uwambere ni  Sindayihebura Cassien yagirizwa ko adashoboye kuko ngo ataco yamaze hafatiwe ku mabanga yahoramwo n'amanota yaronse ariko arasuzumwa (notation); aha rero akaba yatswe ikibanza c'umuhanuzi mwishikira mu biro kwa musitanteri wa komine Makamba

Uwakabiri ni   Nsabiyumva Bernard nawe ngo ikibanza c'ukuba umuhanuzi wa musitanteri ajejwe ibibazo vy'imibano, politike n'intwaro ngo kiramuroka. "Inyifato yiwe yohava ihungabanya imibano muri komine kandi yerekana inyifato yo kutubaha abarongozi";

Uwa gatatu ni  Syldie Ndagijimana na we nyene ni nk'uko, imyaka yamaze mu mabanga yahoramwo ngo nta musaruro wigeze uboneka. Gutyo ikibanza c'umuhanuzi ajejwe ubutunzi, iterambere no kwegeranya ibuharuro ngo ntagikwiye. 

Buramatari Françoise Ngozirazana agasaba ko iyo nama mpanuzwajambo ya Komine isubira gukorana kugira ngo itore ayandi mazina mu kiringo kitarenze indwi zibiri.