Makamba : HAGIYE GUTUNGANYWA IHIGANWA RY'UMUPIRA W'AMAGURU RYITIRIWE PETERO NKURUNZIZA

Makamba : HAGIYE GUTUNGANYWA IHIGANWA RY'UMUPIRA W'AMAGURU RYITIRIWE PETERO NKURUNZIZA

Kuri uyu wagatatu igenekerezo rya 19 Rusama 2021, ishirahamwe Fondation Pax Burundi rifadikanije n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu burundi (FFB) ryasohoye itangazo ribicishije n'umuvugizi w'iryo shirahamwe  Fabrice Niragira ko hagiye gutungwanywa ihiganwa ry'umupira w'amaguru ryitiriwe Petero Nkurunziza .

Iryo higanwa rizotangura kw'igenekerezo rya 08 Ruheshi2021 rirangire igenekerezo rya 26 Ruheshi uwu mwaka nyene.

Fondation Pax Burundi ikaba yaciye ishira ahabona ubushimwe bitegekanijwe kumirwi izovyifatamwo neza gusumba iyindi : 
1) Umurwi wambere :7.500.000fbu
2)umurwi wa kabiri : 5.000.000fbu
3) umurwi wa gatatu : 3.000.000fbu
4) umurwi wa Kane : 2.500.000fbu.

Iryo higanwa rikaba ryitezwe kuzitabwa n'imirwi munani yambere yo mw'ihiganwa rikuru ry'igihugu (Primus League).