Makamba : UMURWI ABASUMA BATANU BAHORA BIBA MURI KOMINE KAYOGORO BAFATANYWE IVYO BIVYE

Makamba : UMURWI ABASUMA BATANU BAHORA BIBA MURI KOMINE KAYOGORO BAFATANYWE IVYO BIVYE

Kuri uyu wakabiri igenekerezo rya 18 Rusama 2021, umurwi w'abasuma batanu wari ugisibije mu kwiba wafashwe ahitwa i Kibara.

Ivyo bafatanywr harimwo amakinga, amabase,amakarato y'amafanta,inkoko, hamwe n'imatera.

Amakuru ava aho mu Kayogoro avuga ko abo basuma bari bafise umuntu abagurira nawe akabishora ahandi ayo makuru aremezwa n'abo basuma nyene bafashwe.

Amakuru kandi atangwa n'abamwe mubenegihugu begereye aho ayo makinga yafatiwe ngo bahora biba muri komine Mabanda ivyo bivye bigaca bijanwa kugurishwa muri komine Kayogoro  abo basuma bakaba baciye bashikirizwa inyamiramabi kugira ngo bakorerwe dosiye hongere hakorwe amatohoza hamenyekane abandi bahora bakorana.

Abajejwe intwaro bagasaba abenegihugu kubandanya babumbatiye amahoro n'umutekano bakadomako urutoki uwo wese biketse kwari inkozi yikibi.