Makamba : UMUSI MUKURU MPUZAMAKUNGU W'AKAZI N'ABAKOZI

Makamba : UMUSI MUKURU MPUZAMAKUNGU W'AKAZI N'ABAKOZI

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 1 Rusama 2021, my ntara ya Makamba umusi mukuru mpuzamakungu w'akazi n'abakozi wahimbajwe.

Ku civugo ngenderwako :"DUKURE AMABOKO MU MPUZU TUGIRE URUNANI MUKUGWANA URUGAMBA RWO GUTUZA UBUKENE" buramatari w'intara ya Makamba mw'ijambo ryiwe yashimiye cane Reta y'uburundi ukuntu ikora itiziganya mukurangura imigambi yiyemeje.

Ivyo birori bikaba vyatewe iteka n'icegera c'umukuru w'Igihugu Prosper Bazombanza aho mw'ijambo ryiwe yashimiye abanyamakamba kurugero bagezeko mw'iterambere ry'intara yabo akaba yabemereye  ko Reta mvyeyi ,Reta nkozi ataco itazokora mukubashigikira mubikorwa vyo guteza imbera intara yabo.

Prosper Bazombanza akaba yasavye abakozi n'abakoresha kw'irimbura mubikorwa bakora kugira ngo umwe wese anezereze uwundi.