MESSAGER NGOZI IRIKWIRIKIRANIJE INCURO ZIBIRI MU GUTWARA IGIKOMBE C'IHIGANWA RIKURU RY'UMUPIRA W'AMAGURU MU BURUNDI.

MESSAGER NGOZI IRIKWIRIKIRANIJE INCURO ZIBIRI MU GUTWARA IGIKOMBE C'IHIGANWA RIKURU RY'UMUPIRA W'AMAGURU MU BURUNDI.

Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 23 Rusama 2021, niho imirwi cumi n'itandatu yariko iniganira gutahukana igikombe c'ihiganwa rikuru ry'umupira w'amaguru mu burundi yamekanamwo umurwi wa mbere watwaye igikombe.

Ivyo vyabaye mugihe hariko hakina inkino zitandukanye k'ubibuga bitandukanye.

Ariko naho vyari uko imirwi itatu yambere niyo yari ifise amahirwe yo kuvamwo umurwi wa mbere, aho twovuga nka Messager Ngozi, Flambeau du centre hamwe na Kayanza United.

Mugihe bariko barakina Messager Ngozi yakira Flambeau du centre kukibuga Urukundo  vyasabwa ko Flambeau du centre inganya gusa aho naho Messager Ngozi vyasabwa ko itsinda, ku rundi ruhande Kayanza United yo yari yagiye mu ntara ya Cibitoke gukina na les Eléphants F.C aho vyasabwa kwitsinda ibitsindo cumi kugirango itahukane igikombe.

Uko izo nkino zarangiye Messager Ngozi 2-0 Flambeau du centre 
Les Éléphants F.C 0- 8 Kayanza United naho uyo murwi wo muntara ya Kayanza watsinze ibitsindo vyinshi ntivyawuhaye amahirwe yogutahukana igikombe kuko umurwi w'ishure ry'umupira w'amaguru wo muntara ya Ngozi (Messager Ngozi) wo wari watsinze ibitsindo bibiri bica biwuha amahirwe yogutwara igikombe igikuye muminwe ya Flambeau du centre kuko ari yo yarifise amahirwe menshi ashoboka yogutwara ico gikombe.

Messager Ngozi ikaba rero itwaye ico gikombe ku ncuro  ya kaibiri yikurikiranya (2019-2020/ 2020-2021).