Miss Ingoma: UWATUNGANIJE IHIGANWA RY'UMWIGEME MWIZA WAKARANGA I GITEGA YAHAGARITSWE

Miss Ingoma: UWATUNGANIJE IHIGANWA RY'UMWIGEME MWIZA WAKARANGA I GITEGA YAHAGARITSWE

Kuri uyu wambere igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2021 , igipolisi c'Uburundi gikorera mu ntara ya Gitega carahagarikije Alfred Hakizimana yari yatunganije ihiganwa ry'umukobwa mwiza w'akaranga kandi aciye ubwenge .

Mwomenya ko yari yaridogewe nabatari bake abakobwa bari batowe mw'iryo higanwa bakamuvako tutibagiye na Buramatari w'intara ya Gitega Venant Manirambona aho  ku musi mukuru w'ubumwe bw'abarundi yamenyesheje ko uyo yatunganije iryo higanwa ya hemukiye intara.