MUSITANTERI WA KOMINE MUKAZA YAHAYE INDWI IMWE ABANTU BASE KUBOMORA INZU ZUBATSWE BIDAKURIKIJWE AMATEGEKO

MUSITANTERI WA KOMINE MUKAZA YAHAYE INDWI IMWE ABANTU BASE KUBOMORA INZU ZUBATSWE BIDAKURIKIJWE AMATEGEKO

Mugihe umukuru w'igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana aherutse guha ikiringo kitarenga imisi cumi n'itanu  kuba bahejeje kubomora amazu yubatswe kumabarabara bidakurikijwe amategeko,musitanteri wa komine Mukaza Renovat Sindayigebura aza yamaze gushira mungiro iyo ngingo.

Uwo arongoye komine Mukaza asaba abenegihugu banse kubomora amazu yubatswe bidakurikije amategeko ko mundwi imwe gusa boba babomoye ayo mazu.

Akaba yamenyesheje abenegihugu bo muri iyo komine ko hagiye gutangura isekeza rigira kabiri vuba cane ko bobomora izo nyubakwa.